عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

Hud [Hud] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 88

Surah Hud [Hud] Ayah 123 Location Maccah Number 11

قَالَ يَٰقَوۡمِ أَرَءَيۡتُمۡ إِن كُنتُ عَلَىٰ بَيِّنَةٖ مِّن رَّبِّي وَرَزَقَنِي مِنۡهُ رِزۡقًا حَسَنٗاۚ وَمَآ أُرِيدُ أَنۡ أُخَالِفَكُمۡ إِلَىٰ مَآ أَنۡهَىٰكُمۡ عَنۡهُۚ إِنۡ أُرِيدُ إِلَّا ٱلۡإِصۡلَٰحَ مَا ٱسۡتَطَعۡتُۚ وَمَا تَوۡفِيقِيٓ إِلَّا بِٱللَّهِۚ عَلَيۡهِ تَوَكَّلۡتُ وَإِلَيۡهِ أُنِيبُ [٨٨]

Shu’ayibu yavuze ati: “Emwe bantu banje narungitsweko! Nimumbwire uko vyogenda, mu gihe noba ndi mu kuri kuvuye ku Mana yanje Rurema Allah, Ikampa n’ibimbeshaho bikwiye, biryoshe kandi birekuwe! Sinshaka rero ko noca kubiri na mwe nkakora ivyo ndababuza; nta n’ico ndondera mu kubararikira kwubahiriza utwa murundi, kiretse kubatunganiriza uko nshoboye kwose; eka nta n’ico nshoboye gushikako kiretse ico nshobojwe n’Imana Allah, ni Yo gusa nishimikije nkizera, ni na Yo gusa ngarukako nkigaya;