The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe cave [Al-Kahf] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 77
Surah The cave [Al-Kahf] Ayah 110 Location Maccah Number 18
فَٱنطَلَقَا حَتَّىٰٓ إِذَآ أَتَيَآ أَهۡلَ قَرۡيَةٍ ٱسۡتَطۡعَمَآ أَهۡلَهَا فَأَبَوۡاْ أَن يُضَيِّفُوهُمَا فَوَجَدَا فِيهَا جِدَارٗا يُرِيدُ أَن يَنقَضَّ فَأَقَامَهُۥۖ قَالَ لَوۡ شِئۡتَ لَتَّخَذۡتَ عَلَيۡهِ أَجۡرٗا [٧٧]
Musa na Khadwiri baraheza barabandanya urugendo, baca mu gacimbiri kari aho, maze basaba abantu bakabamwo ko bobazimana induhuro y’umushitsi, ba bantu baranka kubazimana. Ni ho basanga muri nya gacimbiri uruhome rwari mu guhenuka, Khadwiri araheza asanura nya ruhome ruragororoka, maze Musa aca abwira Khadwiri ati: “Vyari kuba vyiza usavye impembo kuri ico gikorwa co gusanura uruhome, kugira dusume ivyo dufungura, mu gihe na bo batwimye induhuro y’umushitsi”.