عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Cow [Al-Baqara] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 26

Surah The Cow [Al-Baqara] Ayah 286 Location Madanah Number 2

۞ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَسۡتَحۡيِۦٓ أَن يَضۡرِبَ مَثَلٗا مَّا بَعُوضَةٗ فَمَا فَوۡقَهَاۚ فَأَمَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ فَيَعۡلَمُونَ أَنَّهُ ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّهِمۡۖ وَأَمَّا ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فَيَقُولُونَ مَاذَآ أَرَادَ ٱللَّهُ بِهَٰذَا مَثَلٗاۘ يُضِلُّ بِهِۦ كَثِيرٗا وَيَهۡدِي بِهِۦ كَثِيرٗاۚ وَمَا يُضِلُّ بِهِۦٓ إِلَّا ٱلۡفَٰسِقِينَ [٢٦]

Mu vy’ukuri, Imana Allah ntiterwa n’isoni mu gushikiriza ukuri, mu gutanga akarorero k’akantu kanzunya cane kurusha umubu canke kawusumba, mu kwerekana ko ibigirwamana ata co bishoboye. Abemeramana bo baramenya ko ari akarorero k’ukuri kavuye ku Mana yabo Rurema Allah, nayo abagarariji bavuga n’agasuzuguro n’akantu bati: “None Imana Allah Yashatse kuvuga iki mu gutanga aka karorero k’udukoko tugayitse!”. Burya Imana Allah, mu gutanga ako karorero, Ihubisha benshi kw’itebura ryabo, Ikarongora benshi ku gutahura kwabo intumbero yayo. Burya rero Imana Allah ntihubisha kiretse ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo;