عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Coalition [Al-Ahzab] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 19

Surah The Coalition [Al-Ahzab] Ayah 73 Location Maccah Number 33

أَشِحَّةً عَلَيۡكُمۡۖ فَإِذَا جَآءَ ٱلۡخَوۡفُ رَأَيۡتَهُمۡ يَنظُرُونَ إِلَيۡكَ تَدُورُ أَعۡيُنُهُمۡ كَٱلَّذِي يُغۡشَىٰ عَلَيۡهِ مِنَ ٱلۡمَوۡتِۖ فَإِذَا ذَهَبَ ٱلۡخَوۡفُ سَلَقُوكُم بِأَلۡسِنَةٍ حِدَادٍ أَشِحَّةً عَلَى ٱلۡخَيۡرِۚ أُوْلَٰٓئِكَ لَمۡ يُؤۡمِنُواْ فَأَحۡبَطَ ٱللَّهُ أَعۡمَٰلَهُمۡۚ وَكَانَ ذَٰلِكَ عَلَى ٱللَّهِ يَسِيرٗا [١٩]

Muzobamenyera rero ku kuba ari ingumyi, nta co bikura mu matungo ngo babahereze, ntibanitanga mu guharanira idini no mu kubereka urukundo ku kubera urwanko n’inzigo babafitiye, ku gukunda ivy’isi no ku kwanka gupfa. Iyo hageze guhangana ku rugamba, baratinya gupfa amaso akabakanukana, ukabona bakuraba, amaso yabo akarerembuza nk’uwuri ku mpfiro; urugamba rwamara guhera, imitima yabo igasubira mu nda, bakabaha akarimi kabi mu kubatyoza no mu kubandagaza, bakaba n’ingumyi zirangwa n’ishari n’akantu mu gihe co kugabangana iminyago. Abo rero, ntibaremera vy’ukuri, gutyo Imana Allah Iraheza Ikagira ibikorwa vyabo impfagusa, kandi ukugira ivyo bikorwa vyabo impfagusa, biroroshe ku Mana Allah.