The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Women [An-Nisa] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 51
Surah The Women [An-Nisa] Ayah 176 Location Madanah Number 4
أَلَمۡ تَرَ إِلَى ٱلَّذِينَ أُوتُواْ نَصِيبٗا مِّنَ ٱلۡكِتَٰبِ يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡجِبۡتِ وَٱلطَّٰغُوتِ وَيَقُولُونَ لِلَّذِينَ كَفَرُواْ هَٰٓؤُلَآءِ أَهۡدَىٰ مِنَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ سَبِيلًا [٥١]
Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye inkuru y’abayahudi bahawe ubumenyi bw’ibiri mu Gitabu ca Tawurati, bemera ibintazi n’ibigirwamana vyo mu bwoko bwose mu mashetani akomoka mu majini no mu bantu [91], bagashimishwa n’isengwa ryavyo mu gishingo c’Imana Allah, ivyo bigatuma bisunga amateka adakomoka ku Mana Allah, bagaheza bakabwira abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bati: “Aba bagarariji, ni bo bagororotsi bakurikiye inzira irashe kuruta iy’abo bemeye Imana Allah”!