The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe cattle [Al-Anaam] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 100
Surah The cattle [Al-Anaam] Ayah 165 Location Maccah Number 6
وَجَعَلُواْ لِلَّهِ شُرَكَآءَ ٱلۡجِنَّ وَخَلَقَهُمۡۖ وَخَرَقُواْ لَهُۥ بَنِينَ وَبَنَٰتِۭ بِغَيۡرِ عِلۡمٖۚ سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يَصِفُونَ [١٠٠]
Ababangikanyamana bagize amajini abangikanywa n’Imana Allah bibaza ko hari ico yobungura canke ico yobatwara, kandi Imana Allah ari Yo Yabaremye hamwe n’ivyo bayibangikanya. Baranomekereye ku Mana Allah abana b’abahungu n’ab’abakobwa ku kutamenya ibiyiranga mu kuntu Iteye. Ukuninahazwa ni ukwayo, niyubahwe! Ntikitirirwe ivyo barementanya.