عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The heights [Al-Araf] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 73

Surah The heights [Al-Araf] Ayah 206 Location Maccah Number 7

وَإِلَىٰ ثَمُودَ أَخَاهُمۡ صَٰلِحٗاۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥۖ قَدۡ جَآءَتۡكُم بَيِّنَةٞ مِّن رَّبِّكُمۡۖ هَٰذِهِۦ نَاقَةُ ٱللَّهِ لَكُمۡ ءَايَةٗۖ فَذَرُوهَا تَأۡكُلۡ فِيٓ أَرۡضِ ٱللَّهِۖ وَلَا تَمَسُّوهَا بِسُوٓءٖ فَيَأۡخُذَكُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ [٧٣]

Ni ukuri, Twebwe Allah Twaranatumye kuri Bene Thamuudi mwenewabo Swalehe, igihe basenga ibishusho mu gishingo c’Imana Allah, araheza ababwira ati: “Bantu banje! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, ni ukuri mwarashikiriwe n’ivyemezo bivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, ndaheza ndayisaba ko Ikura mw’ibuye ingamiya nk’uko mwabisavye. Ng’iyo rero ingamiya yarungitswe n’Imana Allah kugira ibabere icemezo n’igitangaro, nimuyireke irishe aho ishatse kw’isi y’Imana Allah, ntimuzohirahire ngo muyikomakome ku nabi, kuko Imana Allah Yobaha ibihano bibabaza;