عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

Repentance [At-Taubah] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 61

Surah Repentance [At-Taubah] Ayah 129 Location Madanah Number 9

وَمِنۡهُمُ ٱلَّذِينَ يُؤۡذُونَ ٱلنَّبِيَّ وَيَقُولُونَ هُوَ أُذُنٞۚ قُلۡ أُذُنُ خَيۡرٖ لَّكُمۡ يُؤۡمِنُ بِٱللَّهِ وَيُؤۡمِنُ لِلۡمُؤۡمِنِينَ وَرَحۡمَةٞ لِّلَّذِينَ ءَامَنُواْ مِنكُمۡۚ وَٱلَّذِينَ يُؤۡذُونَ رَسُولَ ٱللَّهِ لَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ [٦١]

Mu ndyarya kandi, harimwo ababangamira Intumwa y’Imana mu majambo bakanavuga ko yumviriza ico ari co cose ibwiwe ikacemera ukwo. Muvugishwamana! Zibwire uti: “Muhamadi ni ugutwi kwumviriza iciza iyo kizanana hose ku neza yanyu; yemera Imana Allah, akemera n’ukuri gushikirijwe n’abemeramana, akaba n’impuhwe ku bemeramana bamukurikiye muri mwebwe”. Burya, ababangamira Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu buryo ubwo ari bwo bwose, barategekanirijwe ibihano bibabaza cane.